Amakuru
4 août 2023

Ikibazo c’abakukuruke kiriko kirakemuka, ijambo ry’umukuru w’Igihugu rigiye gushirwa mu ngiro

Ikibazo c’abakukuruke kiriko kigenda neza cane, uguharura abagenda mu zabukuru caraheze, ikizoba gisigaye ni ukubashira mu mirwi hisunzwe umwaka bagiriye. Ivyo vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’Akazi Déo Rusengwamihigo, hari igihe yariko aramenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka w’2022-2023, hari ku munsi wa gatatu i Bujumbura. Yaramenyesheje kandi ko ivyo bitegerezwa kuja mu ngiro hisunzwe ivyo umukuru w’Igihugu yemereye abakukuruke ko bazoronswa amafaranga yababa umushahara wa nyuma baronkejwe imbere yo gukukuruka. Akabaremesha ko ubwo ari uburenganzira bwabo.