Amakuru
11 décembre 2021

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, riracari umugenzo w’ubutegetsi

Agateka ka zina muntu mu Burundi ngo ntikubahirizwa. Ibi biri mu rwandiko amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yasohoye kuri rino genekerezo rya 10 Kigarama, umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu kw’isi. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP), agasaba ko leta yoshira mu ngiro amasezerano yateyeko igikumu.