Amakuru
22 janvier 2022

Ihonyabwoko ryakozwe mu Burundi risa n’iririko riribagirwa kubera abarikorewe batarivuga

Harashika igihe usanga abakorewe amabi y’ubwicanyi butagirirwa ikigongwe nk’ihonyabwoko canke imiryango y’abakorewe ubwo bwicanyi basigara batahura ivyababayeko, kandi bagasigara bavuga rumwe n’ababakoreye ayo mabi. Ivyo biri mu bushakashatsi bwo kuronka urupapuro rwa doctorat rwa Emmanuel Nkurunziza, aho yerekana ko mu gihugu kirongowe n’ababa barakoze bene ayo mabi, ata n’uwubahuka kuvuga bene ubwo bwicanyi butagirirwa ikigongwe, nk’uko vyabaye mu Burundi. Akaba yakoze ubwo bushakashatsi yisunze intahe yahawe na bamwe mu Barundi bakorewe ubwo bwicanyi, n’imiryango yabo.