Amakuru
20 janvier 2022

Ihohoterwa ry’abanyororo riguma ari umwitwarariko w’abaharanira agateka ka zina muntu

Leta y’Uburundi ikwiye kuza iribuka ko abaharanira agateka ka zina muntu atari abagizi ba nabi kandi atari abansi b’igihugu. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe Tugire Urunani kugira dushigikire abaharanira agateka ka zina muntu babangamiwe (ESDDH). Iryo shirahamwe rikaba riherutse gushingwa na Germain Rukuki aherutse kuva mu munyororo inyuma y’imyaka 4 yapfunzwe azira ko aharanira agateka ka zina muntu. Germain Rukuki akavuga ko ivyo yabonye apfunzwe arivyo vyatumye yiyumvira gushinga iryo shirahamwe.