Amakuru
30 juin 2023

Ihindurwa ry’inoti z’ibihumbi 5 na 10 n’ubu ntirirorohereza abadandaza mu kazi kabo

Ingingo yo guhindura amanoti y’ibihumbi 5 na 10 yafashwe inyuma y’aho Ibanki nkuru y’igihugu iboneye ko izo noti zitariko zirakoreshwa nk’uko yari yarazisohoye. Dieudonné Murengarentwari, arongoye Ibanki nkuru y’igihugu, yabimenyesheje mu kiganiro yashikirije ku bimenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi. Haciye hatangwa iminsi 10 kugira igikorwa co guhindura izo noti kibe caheze. Ariko gushika uno munsi, haracumvikana imyidogo kuri bamwe batashoboye gusubiza izo noti, kubera igihe bahawe cabaye gito, kandi bakaba batari barekuriwe gutanga ayarenga imiliyoni 10 muri ico gihe.