Amabi ava ku giturire no ku ntwaro itabereye mu Burundi ngo bishobora kuzofatirwa ingingo mu nama igira icenda izobera Sharm El-Sheikh muri Egiputa kw’igenekerezo rya 13 kugeza kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2021. Vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Yabishikirije mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu w’9 Kigarama mu gihe amakungu yari aramutse ahimbaza umunsi wahariwe kurwanya igiturire.
Amakuru
10 décembre 2021
