Uburundi buri mu kibanza ca 6 c’ibihugu vyiganjemwo igiturire kw’isi, kikaba ari ica 4 muri Afrika. Ivyo biri mu cegeranyo c’2021 c’ishirahamwe Amnesty International, rikaba ryakoreye ku bihugu 180. Ico kibanza rero ngo kikaba cunyura ishusho ribi igihugu cari gisanzwe gifise mu makungu. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’isesagura ry’amatungo ya Leta (OLUCOME). Ariko rero akagira icizere ko Uburundi nabwo nyene bushobora kwiha iteka bukaja kw’isonga ry’ibihugu bitavugwamwo ibiturire nka Danemark, Suisse canke Nouvelle Zélande, hamwe umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yokwikubita agashi akigiza inyuma abo bose barangwa n’ibiturire bamukikije.
Amakuru
3 février 2022