Amakuru
28 novembre 2023

Igitigiri kinini c’abigeme baheba amashure nta co kibwira leta (Umuhari Inamahoro)

Uguheba amashure ku bana b’abigeme mu Burundi ni kimwe mu buryo bwo gukumira igitsina gore mu mashure abategetsi b’igihugu barorera. Ivyo binegurwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, muri iki gihe hariko haraba isekeza ry’iminsi 16 yo kurwanya amabi afatiye ku gitsina watanguye itariki 25 Munyonyo. Mu kiganiro « Agateka k’abakenyezi », Jacqueline Habonimana, umunywayi w’uwo muhari, asaba leta y’Uburundi gushiraho umurwi uhuriramwo abana, abavyeyi n’abigisha kugira baganire hagabanuke ivyo bitigiri mu gukingira kazoza k’igihugu.