Kutarekurwa kw’abapfungwa baba barahejeje ikiringo c’umunyororo baciriwe gutuma haba ubwinshi bw’abanyororo bari mu mabohero atandukanye. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’amezi atatu aheze c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, asaba leta ko yokwubahiriza ikanashira mu ngiro amategeko yafashwe na sentare.
Amakuru
13 avril 2022