Amakuru
13 avril 2022

Igitera ubwinshi bw’abapfungwa ni abagumizwayo kandi barahejeje igihano baciriwe

Kutarekurwa kw’abapfungwa baba barahejeje ikiringo c’umunyororo baciriwe gutuma haba ubwinshi bw’abanyororo bari mu mabohero atandukanye. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’amezi atatu aheze c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, asaba leta ko yokwubahiriza ikanashira mu ngiro amategeko yafashwe na sentare.