Haherutse gushirwaho itegeko rishasha rigenga igisata c’ubutare mu Burundi, hari kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu uno mwaka. Mu ntumbero yo kurabira hamwe uturusho turi muri iryo tegeko rishasha ugereranije n’iryari rihasanzwe ryo mu mwaka w’2013, ishirahamwe ABUCO ryaratunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku wa kabiri uheze igenekerezo rya 27 Gitugutu.
Ni akahe karusho kagiye kuzanwa n’iryo tegeko rishasha kugira igisata c’ubutare giterere biboneka mw’iterambere ry’igihugu ?