Amakuru
12 novembre 2021

Igisata c’ibigori cashizweho ku nyungu atari iz’abarimyi. Ni bande bagikamisha ?

Ingingo ya leta yo gushira hamwe umwimbu w’ibigori mu ma hangar rusangi ngo yoba inyegeje inyuma inyungu za bamwe mu bategetsi muri leta no mu mugambwe CNDD-FDD. Muri iki gihe, mu ntara zimwe zimwe, ikilo kikaba kigeze ku mafranga 1 700 mu gihe ico kilo kigurwa amafranga 680 kw’itegeko rya leta. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo c’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike (FORSC). Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa wa FORSC, asaba leta kureka ibigori vyinjire mu gihugu kugira abadandaza bashobore guhiganwa kw’isoko.