Amakuru
6 mars 2023

Igisata c’amashamba kirabangamiwe n’intwaro mbi ikirangwamwo

Iterambere mu gisata c’amashamba mu Burundi riracahanzwe n’intwaro mbi mu bijanye n’ibidukikije. Ni ko bibonwa na Mamert Sabushimike, arongoye ishirahamwe « Les amis de la nature », inyuma y’isozerwa ry’inama ku mashamba yabereye i Libreville muri Gabon mu ndwi iheze. Ku bw’uyo yanonosoye ibijanye n’ibidukikije, ukudashira mu ngiro amategeko agenga amashamba n’irwirirana ry’abantu na vyo biri mu bituma haba itituka ry’ibidukikije mu Burundi. Ku bwiwe, ngo hamwe ata gikozwe mu maguru masha, iryo tituka rizotuma haba ibibazo bikomeye ku gihugu.