Igikorwa c’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, ntaco kimariye abarundi bari bawitezeko kumenya ivyabaye, ariko ukaba uriko urashira mu ngiro intumbero y’umugambwe CNDD-FDD. Iyo ntumbero nayo, ngo ni iyo kunyegeza ukuri, mu gihe uwo murwi ushaka kwerekana ko inryane zo mu mwaka w’1972 zahitanye abahutu gusa. Ivyo bishikirizwa n’umwigisha Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba abishikirije inyuma y’icegeranyo bakoreye mu ntara ya Bururi, aho umukuru wa CVR, avuga ko ivyo bariko barakora bishimwa, kandi hariho n’imiryango iriko irasubiza hamwe ifashijwe n’uwo murwi.
Amakuru
19 mars 2021
