Amakuru
24 mars 2023

Igihugu ca Tanzaniya cemeje ko hari abantu bamaze kwandura umugera wa Marburg

Umugera wa Marburg utanguye gutwara ubuzima bw’abantu mu gihugu ca Tanzaniya. Ico gihugu cerekanye ubwa mbere abantu banduye kuri uyu wa 21 Ntwarante. Camenyesheje ko abantu 5 bahitanywe n’iyo ndwara, 3 bakaba bari mu bitaro, abandi 161 bakaba barahuye n’abanduye ico kiza ca Marburg. Tanzaniya ikaba ikurikiye kwandura ibindi bihugu vya Afrika nka Ghana na Guinée équatoriale.