Amakuru
24 juin 2022

Igice c’ibikorwa vyo kwagura ikivuko ca Bujumbura kiramaze gukorwa

Kwubaka ahazokorerwa ubwato, hamwe n’ukwagura aho buzoshikira ntibirakorwa kubera amazi y’ikiyaga Tanganyika atarasubira mu kibanza yahozemwo. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umuyobozi mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu biciye mu mazi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Jacques Bigirimana akanegura ariko ko hari ikibanza kiri ahagenewe ikivuko, ariko cahawe umunyagihugu. Agasaba y’uko ico kibanza cosubizwa mu minwe ya leta, atari uko, ibikorwa vyo kwagura ikivuko ca Bujumbura ntibishoboka.