Amakuru
10 février 2022

Igenwa rya Domitien Ndayizeye mu nama y’inararibonye mu bumwe bwa Afrika, ritera iteka Uburundi

Kugenwa kuja mu murwi w’inararibonye mu bumwe bwa Afrika ngo vyerekana ko igihugu c’Uburundi kimaze gutera intambwe iboneka mu makungu. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Domitien Ndayizeye, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Aho akaba ari inyuma y’aho agenywe muri ayo mabanga. Uwo yahoze arongoye igihugu ngo akaba agiye gukora ibishoboka kugira igihugu kigumane ishusho ryiza imbere y’amakungu.