Amakuru
23 février 2022

Igabanuka ry’ibitigiri vy’abandura Corona ntirisigura guhonyanga amategeko yo kwikingira

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona vyaragabanutse cane mu gihugu. Vyamenyeshejwe n’Umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Corona, hari kuri uyu wa mbere. Uwo murwi umenyesha ko abandura ubu bari musi ya 20 ku munsi. Dr Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu yavuze kw’izina ry’uwo murwi, asaba abanyagihugu kutadohoka mu kubandanya bakurikiza ingingo zo kwikingira Corona.