Amakuru
14 mai 2022

Idosiye ya Muganga Christophe Sahabo yabaye iya politike gusumba kuba iy’ubutungane

Ipfungwa rya Muganga Christophe Sahabo ntirikwirikije amategeko, ahubwo ni irya politike. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye Urunani rw’abashingwamanza baburanira Abarundi bakorewe amabi ahanwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CAVIB. Akavuga ko n’ikimenyamenya, gushika n’ubu abamupfunze batarubahuka kumushira imbere y’intahe ngo bamwagirize.