Amakuru
24 novembre 2021

IDHB iriyamiriza ingingo yafashwe na Amerika yo gukura ibihano ku bategetsi bamwe b’Uburundi

Ingingo ya leta zunze ubumwe za Amerika yo gukura ibihano ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi, ni iyo gushigikira ukudahana gusanzwe kuranga leta y’Uburundi. Iyo ngingo ikaba ifashwe mu gihe icaha co kunyuruza abanyagihugu kibandanya kwimonogoza mu ntara zitandukanye z’igihugu. Ivyo bishikirizwa na Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (IDHB). Avuga ko bibabaje kubona leta zunze ubumwe za Amerika zitacitayeho uruhara rw’abo bategetsi mu mabi ariko araba mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.