Amakuru
30 juillet 2022

Icuka kiri mu Burundi ntigihumuriza abafise amafaranga mu Barundi baba hanze

Politique ya leta y’Uburundi ni yo idaha icizere Abarundi baba hanze kugira bashobore kuzana imitahe yabo mu gihugu. Ubusuma bw’ubutunzi bw’igihugu, ibiturire mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu hamwe n’Ubutungane buri mu maboko ya bamwe mu bategetsi, ni bimwe mu bintu nyamukuru bitera ubwoba Abarundi baba hanze. Oscar Butare, arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarundi baba mu bihugu vya Buraya (FODIB), ahamagarira leta y’Uburundi kwubahiriza intwaro rusangi idacanishamwo Abarundi muri rusangi, itanacanishamwo Abarundi baba hanze vy’umwihariko ku mvo za politike. Akaba yabishikirije mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télé Renaissance.