Amakuru
28 février 2022

Icuka ciza ca politike nico conyene gifasha mu kunagura ubutunzi

Kugira ubutunzi busubire kunaguka mu Burundi hategerezwa kubanza kunagurwa icuka ciza muri politike, ugutwara neza hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ukwo niko umuhinga mu vy’ubutunzi André Nikwigize abishikiriza, mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’amaradiyo Inzamba, RPA hamwe na télévision Renaissance. Leta itegerezwa kugira imigambi myiza mu ntumbero yo kwitegurira gukoresha neza imfashanyo y’Ubumwe bwa Buraya mu gihe boramuka basubiye kubafasha.