Amakuru
4 mai 2022

Icokorwa mu kugarukira ururimi kavukire rw’Ikirundi

Uburundi bwarahimbaje kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2022 umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Ururimi rw’Ikirundi muri kino gihe, rurigishwa guhera mu mashure mato mato gushika no muri kaminuza. Yamara n’aho izo nyigisho zitangwa, ntikibuza ko Abarundi bamwe bamwe badakoresha neza Ikirundi haba mu kukivuga canke mu kucandika.
None vyoba biva kuki ?
Inyishu kugira ururimi rw’Ikirundi rubungabungwe ni izihe ?