Amakuru
18 mars 2022

Icizere ku barimyi kugira baronswe ifumbire gisa n’icaheze, agacerere ka leta kongera isibe ku yindi

Mbega abarimyi babaye aba nde? Ico kibazo abatari bake baracibaza, mu gihe abo barimyi bamaze amezi bariko barataka ngo baronswe ifumbire, bakabura uwubumvira. Ishirahamwe FOMI ryotegerejwe kuyibaha, risa n’uko ryagaye amategeko ryahawe na leta, kubera ikiringo ryari ryahawe carenze kera. Muri ico gihe, imirima n’ibiterwa bikaba biriko biratosekara, na rirya igihe c’irima gisigaje umwanya muto ngo gihere.