Amakuru
21 novembre 2023

Ibura ry’inzego zidasanzwe risasira indava amabi afatiye ku butunzi (OLUCOME)

Harakenewe gushirwaho sentare idasanzwe, Haute Cour de justice, kugira indongozi zo hejuru zishobore gukurikiranwa ziramutse zikoze amakosa. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu. Gabriel Rufyiri, arirongoye, avuga ko kwoba ari ukwubahiriza Ibwirizwa nshingiro, kandi vyofasha kurwanya amabi akorwa n’indongozi. Yabivugiye mu nama OLUCOME yari yatunganije ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze.