Amakuru
13 avril 2022

Ibura ry’igitoro rituma ibintu bizimba kw’isoko, ubuzima busigaye bugoye cane

Uburundi bumaze iminsi burangwamwo ubukene bw’igitoro mu mihingo itandukanye. Iryo kena ry’igitoro rigasubiza inyuma ubuzima bw’abanyagihugu, hadasizwe inyuma iduzwa ry’ibiciro vy’ibindi bidandazwa vya nkenerwa. Ivyo bikaba bihagaritse umutima abahinga mu vy’ubutunzi. Aho ni nka Chanel Girumugisha, yemeza ko iryo kena ry’igitoro ririko ribandanya gusubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu, ngo kandi hatagize igikorwa mu maguru masha, ibintu bizoyangara kurusha. Ku bwiwe, leta ikwiye kwihutira gushiraho ingingo nshasha mw’itangwa ry’amafaranga y’agaciro ku badandaza baja kurangura ibikenewe hanze y’igihugu, hamwe no gukura amasoko mu minwe y’abantu bamwe gusa.