Amakuru
6 mars 2023

Uburundi bufise incabwenge zikwiye zishobora kurangura neza imigambi y’iterambere

Imigambi y’iterambere yotegerejwe gutwarwa n’ababifitiye ubuhinga. Ako ni akagohe ka Chanel Girumugisha, umuhinga mu vy’ubutunzi. Akaba abivuze inyuma y’aho vyibonekeje ko amafaranga Ibanki y’isi yahaye Uburundi, hashoboye gukoreshwa amafaranga ari ku rugero rurenga gato ibice 20%. Chanel Girumugisha akabona ko ivyo biva ko ibibanza vyo gutwara iyo migambi bitangwa hisunzwe politike, bikanava kandi ku ngeso mbi y’ibiturire.