Amakuru
19 juillet 2023

Ibura ry’igitoro mu Burundi riva ku bukene bw’amafaranga y’agaciro na ka mwana wa mama mu masoko

Ibura ry’igitoro ryama ryibonekeza riva ku bukene bw’amafaranga y’agaciro hamwe n’uko isoko ry’abakirangura n’abakidandaza rihabwa abantu bamwe kubera ikimenyane na bamwe mu bategetsi. Ivyo vyemezwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Akaba abishikirije inyuma y’aho umuvugizi w’umukuru w’Igihugu avugiye mu kiganiro c’abavugizi b’inzego giheruka ko igitoro kibuze mu Burundi kubera ata miduga minini ihari yo kukizana kiva mu bubiko muri Tanzaniya. Ivyo vyose, ku bw’ishirahamwe OLUCOME, bikaba vyerekana intwaro itabereye inyegeje inyuma y’ivyo vyose bibangamiye ubutunzi bw’igihugu. Gabriel Rufyiri akaba yabivugiye kuri Télévision ya bagenzi bacu ba Isanganiro.