Amakuru
5 novembre 2021

Ibura ry’igitoro mu Burundi ni ingaruka y’uko ata bwigenge buhari mu gisata c’ibitoro

Kwugururira abandi barwizatunga bagashira imitahe mu rudandazwa rw’igitoro ubu rwiziziwe n’ishirahamwe Interpetrol ryonyene biri mu vyotuma ubukene bw’igitoro budasubira kwibonekeza mu Burundi. Iyo ni imwe mu nyishu zitangwa n’ishirahamwe OLUCOME, ryiyemeje kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri agasaba leta ko yotumako inama rukokoma y’aberwa n’ico gisata kugira bigire hamwe ukuntu cotunganywa gushasha.