Amakuru
25 mai 2023

Ibura ry’amazi meza, ni yo ntandaro y’irandagata ry’ikiza ca choléra

Intara ya Bujumbura yose irageramiwe n’ikiza c’indwara ya choléra. Bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Muganga Sylvie Nzeyimana yabivuze kuri uyu wa gatatu, aho bamwe mu bashikiranganji bari bagendeye igice c’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bo mu ma karitiye atandukanye bavuga ko buzuye ubwoba bw’ico kiza bivuye ku bukene bw’amazi meza bwibonekeza. Umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, we, yemeza ko bagiye kuza barihutira gutanga amazi ahamaze kuvugwa ico kiza.