Amakuru
22 janvier 2022

Ibura ry’amafranga y’agaciro riratuma haba ubukene bw’igitoro

Ibura ry’amafranga y’agaciro hamwe n’ukubura abagwizatunga bazana imitahe yabo biri mu bituma mu gihugu habura igitoro. Ibi bishikirizwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Gabriel Rufyiri akabona ko umuti nyawo w’ico kibazo ari uko leta yorondera amahera y’agaciro ibicishije mu biterwa njabukamazi, hamwe no gutanga amahirwe angana ku bantu bipfuza kuja mu rudandazwa rw’igitoro.