Ubutegetsi bw’Uburundi bwemeza ko ubukene bw’igitoro uyu munsi bwatewe n’intambara iri hagati y’Uburusiya na Ukraine. Ariko rero n’aho ari vyo ibihugu vyose vyakozweko n’iyo ntambara, ahandi baraduza ibiciro ariko kikaboneka, ntibimere nko mu Burundi ata gihari. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, asigura ko ubukene bw’igitoro mu Burundi buterwa n’ubukene bumaze igihe bw’amafaranga y’agaciro n’itunganywa ribi ry’igisata c’ubutunzi mu Burundi. Akaba yari umutumire mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura ».
Amakuru
30 avril 2022