Amakuru
5 juillet 2023

Ibitaro vy’amakomine bigiye kuronswa bimwe bimwe vyose umuganga n’ibikoresho

Ibitaro vyose vyo mw’ikomine bigiye kuronswa umuganga hamwe n’ibikoresho vya nkenerwa. Ni bimwe mu migambi y’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu, nk’uko vyashikirijwe ku munsi wa mbere n’umushikiranganji Sylvie Nzeyimana. Hari mu mubonano yagiranye n’abanyagihugu bo muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Muganga Sylvie Nzeyimana yarongeye amenyesha ko ibitaro vyose bigomba kuba bifise abakirizi.