Amakuru
21 juin 2022

Ibisabwa kugira Uburundi buronswe imfashanyo y’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya ntibihinduka

Uburundi ntibukeneye gusabiriza, burashobora kwibeshaho ata n’umwe abufashije harimwo n’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya. Ivyo ni ivyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, mu ndwi iheze ku munsi wahariwe ugufashanya kw’Uburundi n’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya. Ariko rero Uburundi burakeneye cane imfashanyo y’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya kugira abanyagihugu bashobore kubaho, leta na yo ishobore gushira mu ngiro imigambi yiyemeje. Ku bwa Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ivyashikirijwe n’umushikiranganji Albert Shingiro, vyo, vyerekana ko atanezerejwe n’amajambo y’uwuserukira uwo muryango, yavuga ko kugira baronke iyo mfashanyo basabwa gukoresha neza amafaranga bisunze intwaro ibereye