Amakuru
25 novembre 2022

Ibimenyeshamakuru vyarwaniye ubutegetsi vyonona imigenderanire ya leta n’ibimenyeshamakuru

Ukwinubana hagati ya leta n’ibimenyeshamakuru kwazananywe na bimwe bimwe muri vyo vyataye umurongo, mu kurwanira ubutegetsi. Ivyo bivugwa n’Icegera c’umukuru w’Igihugu, Prosper Bazombanza. Hari ku munsi wa kane aho yariko yugurura ibikorwa vy’inama rukokoma yo kumenyesha amakuru.