Amakuru
5 mars 2021

Ibikuru bikuru vyaranze iradiyo RPA mu myaka 20 iheze

Imyaka 20 irarumanye Radiyo RPA itanguye gusamirana mu Burundi. Guha ijambo abanyagihugu be n’amatohoza yimbitse agamije gushira ahabona abagize uruhara mu bwicanyi hamwe no mw’inyuruzwa ry’amatungo y’igihugu nivyo vyatumye RPA imenyekana cane iranakundwa mu gihugu. Ivyo ariko vyatumye itarabwa ryiza n’ubutegetsi.