Droits humains
21 février 2024

Ibimenyeshamakuru bikorera mu buhungiro ntivyatanze amakuru mu kwifatanya na Floriane Irangabiye

Ibimenyeshamakuru vyigenga vyo mu Burundi bikorera mu buhungiro : Radiyo Inzamba, RPA na Télé Renaissance ntivyashikirije amakuru ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma nk’uko vyahora. Hari mu ntumbero yo kwifatanya na mugenzi wabo Floriane Irangabiye bavuga ko apfunzwe azira ubusa. Innocent Muhozi, umuyobozi wa Télé Renaissance, yavuze kw’izina ry’ivyo bimenyeshamakuru, ahamagarira abarajwe ishinga bose n’ubutungane mu Burundi gushigikira Floriane Irangabiye gushika arekuwe akidegemvya.