Amakuru
28 novembre 2023

Umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza yishwe ahawe ishano n’abo bagendanye (Bob Rugurika)

Abasangiye urugamba n’umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza ni bo bamwishe bakoresheje ishano. Ivyo bishirwa ahabona na Bob Rugurika, umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa radio RPA. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Bob Rugurika amenyesha ko igihe Pierre Nkurunziza yagandagurwa hari hategekanijwe abandi bantu bahagarikwa bakanicwa mu ntumbero yo guhuvya amatohoza. Bob Rugurika asaba leta y’Uburundi gutanga umuco kuri ubwo bwicanyi, atari uko ngo ibindi vyemezo bizoshirwa ahabona kuri urwo rupfu.