Amakuru
31 mars 2023

Ibikoresho vya plastike vyo gutekeramwo bibandanya kwibonekeza n’aho hari itegeko ribikuraho

Ubumwanya hamwe n’ibikoresho vya plastike biracabarizwa mu banyagihugu n’abandandaza cane cane amavuta y’amamesa mu gihugu, n’aho hari integuro ya leta, yo itegekanya guhindura ingendo bitarenze mu mpera za kuno kwezi kwa Ntwarante. Mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, RPA na Télé Renaissance, twakubitiye mu ntara zo mu buraruko no mu bumanuko bw’igihugu kuraba uko vyifashe.