Amakuru
26 octobre 2022

Ibiganiro n’Urwanda biriko biraba ku bashatse guhirika ubutegetsi kugira imigenderanire igende neza

Urwanda nta nyungu rufise mu kugumana abashatse guhirika ubutegetsi mu 2015. Ivyo bivugwa na Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire. Yabivuze ari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri. Albert Shingiro avuga ko ico kibazo kiriko kirigwa, umuti waco ukazotuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda isubira kumera nka kera.