Amakuru
16 février 2022

Ibiganiro hagati ya leta na COSSESONA vyashoboye gushika ku nyishu

Hashizweho umukono ku masezerano ajanye n’itunganywa ry’inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha. Ibi bikaba bivugwa na Frédéric Bangirinama, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Indero. Akaba yabivuze inyuma y’aho ubwo bushikiranganji bugiranye inama n’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA kuri uyu wa mbere. Frédéric Bangirinama akamenyesha ko ayo masezerano azofasha mu bijanye no kwongereza akanovera k’indero mu gihugu.