Amakuru
1 décembre 2023

Ibibazo vy’Uburundi bisa n’ivyibagiwe, ariko amabi ahakorerwa ategerezwa kwiyamirizwa (A. Gateretse)

Uko imyaka ine n’igice itashe, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kw’isi arahura n’ibihugu vyagenywe ngo bisuzume uko iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu ryifashe mu bihugu bitandukanye. Amashirahamwe y’Abarundi na yo akaba atatanzwe, aho ku munsi wa kane i Genève muri Suisse yerekanye uko vyifashe mu Burundi. Muri yo harimwo ACAT-Burundi yashize ahabona ibibazo bitari bike nk’amategeko akandamiza abaharanira agateka ka zina muntu, ubuzima bubi bw’abanyororo, eka n’ibindi. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri ACAT-Burundi, agashima kubona baronse akaryo ko gushikiriza ivyo bibazo bitandukanye.