Amakuru
4 novembre 2022

Ibibazo vy’amasentare atandukanye mu Burundi, n’aho ari vyinshi, bizotorerwa umuti

Sentare z’inzego zitandukanye zifise ibibazo vyinshi. Nk’akarorero k’izo mu Rumonge, aho uwurongoye Sentare ntahinyuzwa yagendeye kuri uyu wa kane Sentare nkuru y’iyo ntara. Ariko rero Emmanuel Gateretse arahumuriza, akavuga ko izo ngorane zose, zaba aho ayo ma sentare akorera, canke iz’abakozi, ko zisanzwe zizwi kandi zizotorerwa umuti. Yabivugiye kuri micro ya bagenzi bacu bo kuri RTNB.