Amakuru
23 mai 2023

Abanyagihugu bo mu Kayanza basabwa guhagarika urudandazwa rwa magendo ku neza yabo

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bahamagarirwa kuvavanura n’urudandazwa rwa magendo bakorera mu bihugu bibanyi. Akamo katewe ku munsi wa gatandatu, hari mu bikorwa rusangi vyari vyatunganijwe muri iyo ntara. Ku bwa Emmanuel Gateretse, ngo bizofasha cane mu migambi y’iterambere ry’igihugu.