Amakuru
4 avril 2024

Amadosiye y’abanyororo arenga 600 azokwigwa kugira abanyororo bagabanuke (E. Gateretse)

Amadosiye arenga 600 ni yo azokwigwa mu gihe abacamanza bazoba bari mu mwiherero wo gutunganya bene ayo madosiye, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru wa Sentare ntahinyuzwa Emmanuel Gateretse. Hari mu kiganiro yatanze ku munsi wa mbere ku bamenyeshamakuru aho yanamenyesheje ko ivyo biri mu ntumbero yo gushira mu ngiro irekurwa ry’abanyororo bagirizwa ivyaha bibayabaye. Ivyo vyose bikazokorwa mu kugabanya abanyororo basanzwe ari benshi mu busho butandukanye.