Amakuru
13 janvier 2024

Ni iki twokwitega ku rubanza rwa Floriane rwaciwe muri gasamburamanza ya Sentare ntahinyuzwa ?

Floriane Irangabiye yarengutse kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Nzero, imbere y’igisata ca gasamburamanza ya Sentare ntahinyuzwa i Bujumbura. Apfunzwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Akaba muri iki gihe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Ipfungwa ryiwe rikaba riteye amakenga abatari bake babona ko ryerekana ukuntu agateka ka zina muntu kabangamiwe mu Burundi.