Amakuru
4 octobre 2022

HRW isaba irekurwa ry’umushingwamanza akaba n’uwuharanira agateka ka zina muntu Tony Germain Nkina

Urubanza rw’umushingwamanza Tony Germain Nkina, yahoze aserukira ishirahamwe APRODH mu ntara ya Kayanza, ruzosubira kwumvirizwa kuri uyu wa gatanu muri Sentare ntahinyuzwa. Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw’ishirahamwe Human Rights Watch, akaba akurikirana umugabane wa Afrika, ahamagarira abategetsi mu butungane guhagarika ivyo yise ihonyangwa ry’amategeko, bakarekura Tony Germain Nkina. Clémentine de Montjoye yibutsa ko mu rubanza rwa nyuma, ata vyemezo na bimwe birashe vyigeze vyerekanwa mu ntahe.