Amakuru
22 juin 2022

Hemejwe integuro y’itegeko risubiramwo ibwirizwa rigenga abakozi ba leta mu Burundi

Uturusho twose abakozi ba leta bafise twakuweho. Biri mu nteguro y’ibwirizwa risubiramwo irigenga abakozi ba leta yemejwe n’Inama nshikiranganji mu mpera y’indwi iheze. Prosper Ntahorwamiye, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa leta y’Uburundi, yasomye itangazo ry’ivyapfunditswe avuga ko ubu umushahara ugiye gushingwa hafatiwe ku co umukozi akora.