Amakuru
6 octobre 2023

HCR itegerezwa guhagarika ihohoterwa ririko rikorerwa impunzi muri Tanzaniya (umuhari Inamahoro)

Leta ya Tanzaniya nta kindi kiyiraje ishinga atari ugutahana ku nguvu impunzi z’Abarundi. Uko ni ko umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ubona iyugarwa ry’ibitaro vyo mw’ikambi y’i Nyarugusu, rije ryiyongera ku yandi mabi akorerwa impunzi z’Abarundi baba muri Tanzaniya. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, ahamagarira ishirahamwe HCR kutabandanya ryiyobagiza ibiriko bishikira izo mpunzi kandi bigenda vyunyuka umunsi ku munsi. Agahamagarira kandi abategetsi b’ico gihugu, na cane cane umukuru waco, ko bubahiriza agateka k’impunzi biyemereye kwakira ku butaka bwabo.