Amakuru
25 octobre 2022

Hariko hakorwa ibishoboka kugira indwara y’ubukangwe ntigaruke mu Burundi

Ubukangwe bwararwanijwe buraneshwa mu Burundi. Vyemezwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu, muganga Sylvie Nzeyimana, avuga ko iyo ndwara yaranduranywe n’imizi, kandi ko hariko hakorwa ibishoboka kugira ngo uwo mugera ntusubire kwibonekeza mu gihugu. Yabivuze ku munsi wa mbere itariki 24 Gitugutu, aho amakungu yariko ahimbaza umunsi wahariwe kurwanya iyo ndwara y’ubukangwe.