Mu bantu 23 bahohotewe mu kwezi kwa Gitugutu, 16 ni abakenyezi. Biri mu rukurikirane rw’ibiganiro ku mateka y’abakenyezi, bishikirizwa n’Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Jacqueline Habonimana, ari muri uwo muhari, amenyesha ko mu matohoza bakoze basanze benshi bahohotewe n’abo bubakanye. Umuhari Inamahoro ukibutsa leta ko ari yo ibazwa umutekano w’abo bakenyezi bahohoterwa.
Amakuru
9 novembre 2022